ITANGAZO N° 001/2021

Ikigo c’igihugu kijejwe gutezimbere no guha intumbero Amashirahamwe y’Amakoperative mu Burundi (ANACOOP)  ;mw’itangazo ryo kuwa 31 kigarama 2020 ryatanga ikiringo co kumenyekanisha amashirahamwe y’ama koperative yashinzwe mu gihe ico kigo kitaribwashirweho hisunzwe ingingo ya 112 y’itegeko bwirizwa ryo kuwa 28 ruheshi 2017 rigenga amashirahamwe y’amakoperative mu Burundi.

Ico kigo congeye kumenyesha amashirahamwe y’amakoperative  arabwa niyo ngingo ko yongeye ikiringo co kuguma yimenyekanisha kugeza igenekerezo rya 04 ruhuhuma 2021.Amashirahamwe atazokwubahiriza iyo ngingo azofatwa nk’uko  atakiri amashirahamwe y’amakoperative yemewe n’amategeko  .Ibikorwa vyo kumenyekanisha amashirahamwe y’amakoperative biba kumisi yakazi kuva 7:30 kugeza 15:30 ku cicaro ca ANACOOP i Gitega karitiye Musinzira CENAR Ibarabara Nyabikere n° 51 no kugisata caco kiri I bujumbura kw’ibarabara ryitiriwe UPRONA munyubakwa y’igorofa ya 2 ya white stone.

Laisser un commentaire

Votre adresse de messagerie ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *